Inyigisho ku barimyi baserukira abandi n’abigisha b’indimo

Ikigo ISABU, gifadikanije n’ikigega co gusangira inyungu – ishami ry’ibihugu vyunze ubumwe ry’uburimyi n’ibifungugwa (Benefit-Sharing Fund – Food and Agriculture Organization, BSF-FAO), carateguye inyigisho ku barimyi n’abunganizi babo, mu mugambi witwa, « Kubungabunga gufatanije no kwijukira ibiterwa kama vyamira mu kuzimu, kugira uburimyi bushobore guhangana n’ibibazo vy’ihindagurika ry’ibihe no kugira umwimbu wiyongere. »

Izo nyigisho zibaka ziriko ziratangwa mu burere butandukanye bw’igihugu, aho zimaze gutangwa mu CIBITOKE – MWARO – RUTANA – GITEGA zikaba ziza gusozererwa uyu munsi igenekerezo rya 22/5/2026 i KARUSI

Tubamenyeshe ko uwo mugambi BSF_FAO usanzwe urangurirwa mu bihugu vya Repubulika iharanira Demokarasi ya Kongo, mu Burundi no mu gihugu ca Uganda.

Uwo mugambi ushingiye ku:

Kubungabunga ubwoko bw’ibitegwa kama mu miryango ufatanije n’abarimyi n’abashakashatsi

Kuronderera hamwe abarimyi n’abashakashatsi ubwoko bw’ibiterwa buhangana n’indwara, n’ihindagurika ry’ibirere, kandi buhuye n’ivyo bakeneye.

Gukoresha imbuto zidafise indwara kugira umwimbu wiyongere.