Inyigisho ku barimyi baserukira abandi n’abigisha b’indimo
Ikigo ISABU, gifadikanije n’ikigega co gusangira inyungu – ishami ry’ibihugu vyunze ubumwe ry’uburimyi n’ibifungugwa (Benefit-Sharing Fund – Food and Agriculture Organization, BSF-FAO), carateguye inyigisho ku barimyi n’abunganizi babo, mu mugambi witwa, « Kubungabunga gufatanije no kwijukira ibiterwa kama vyamira mu kuzimu, kugira uburimyi bushobore guhangana n’ibibazo vy’ihindagurika ry’ibihe no kugira umwimbu wiyongere. »
Izo nyigisho zibaka ziriko ziratangwa mu burere butandukanye bw’igihugu, aho zimaze gutangwa mu CIBITOKE – MWARO – RUTANA – GITEGA zikaba ziza gusozererwa uyu munsi igenekerezo rya 22/5/2026 i KARUSI
Tubamenyeshe ko uwo mugambi BSF_FAO usanzwe urangurirwa mu bihugu vya Repubulika iharanira Demokarasi ya Kongo, mu Burundi no mu gihugu ca Uganda.
Uwo mugambi ushingiye ku:
Kubungabunga ubwoko bw’ibitegwa kama mu miryango ufatanije n’abarimyi n’abashakashatsi
Kuronderera hamwe abarimyi n’abashakashatsi ubwoko bw’ibiterwa buhangana n’indwara, n’ihindagurika ry’ibirere, kandi buhuye n’ivyo bakeneye.
Gukoresha imbuto zidafise indwara kugira umwimbu wiyongere.

